Isinzi ry’abimukira ririkuva mu bihugu bya Mexique na Guatemala berekeza muri America
Abimukira ibihumbi n’ibihumbi bavuye mu bihugu bya America yo hagati bagerageza kwinjira muri Amerika bongeye gutangira urugendo bava mu majyepfo ya Mexique bagana ku mupaka wa America.
Abayobozi ba Mexique bari bagerageje guhagarika abo bimukira mu gace kari hagati ya Mexique na Guatemala. Gusa abacitse bava muri Mexique bakoresheje ubwato baca mu ruzi rwa Suchiate.
Abenshi muri abo bimukira ni abo muri Honduras gusa bavuga ko bariguhunga ubwicanyi n’ubukene, hakaba harimwo abagore n’abana.
Associated Press ivuga ko abimukira 2.000, bemeje mu gushira ikiganza hejuru, bafatanya urugendo rwabo. Bavuze bati:”Reka tugendere hamwe. Turabishoboye.” B
Gusa abandi bimukira baracyarundanye ku mupaka wa Mexique barindiriye kwinjira muri muri icyo gihugu bakurikije amategeko.
Abayobozi ba Maexique bahaye ubuhungiro abantu bakebake, banabaha n’uruhusha rwo kuba muri icyo gihugu imisi 45. Bamwe bemeye kujya mu mamodoka yateguwe n’ubutegetsi bwa Guatemala i Tecum Uman yo kubasubiza muri Honduras ku bushake.
Umwimukira umwe ufise ukuguru k’ugukorano, yabwiye umunyamakuru wa BBC Ana Gabriela Rojas ko ategereje kugera muri Amerika. “Nsaba Perezida Trump kudufasha … abantu nkanjye…bashaka kugerageza kubaho.
Hagati aho Perezida Donald Trump yakunze kuvuga ko abo bimukira atabashaka ndetse afite agunda yo kubaka urukuta rurerure ku mupaka uhuza America na Mexique.
Ikindi gikundi cy’abantu 1000 biganjemwo abo muri Honduras na bo bahagurutse bagana Amerika, batambuka n’amaguru bavuye i Esquipulas muri Guatemala.
Benshi mu bimukira basenye umupaka iri ku ruzi ruhuza ibihugu bya Guatemala na Mexique.
Abapolisi bomuri Mexique barenga 20 bararashe ibyuka biryana mu maso kugirango babasubize inyuma gusa bahise baterwa amabuye nabo bimukira. Bivugwa ko abantu benshi bahakomerekeye, harimwo abimukira, abapolisi n’abanyamakuru.